Skip to main content

Registry (Aho Umwanditsi Akorera)

Ibiro vy’iyandikwa bigenzura ibikorwa vy’Urukiko rw’aba Magistrats. Biri ahantu kanaka mu Rukiko, akenshi hafi n’icumba kinini aho binjirira. Nimba udashoboye kubona Registry (aho umwanditsi akorera), urashobora kubaza umuntu ukora mu rukiko akubwire aho iri.

Umukozi wa Registry (aho umwanditsi akorera) ashobora gufasha abantu baza mu Rukiko gutahura ibintu vyinshi vy’imikorere y’Urukiko. Barashobora kuguha amakuru menshi ajanye n’ingene Urukiko rukora, ku gufasha  kumenya aho urubanza rwawe rugiye kuburanirwa, no gufasha gushika ku bikorwa bitanga ubufasha. Registry (aho umwanditsi akorera) kandi n’ahantu ivyanditswe vyinshi vy’urukiko bigomba gusinyirwa no gushikirizwa (canke kuzanwa), nka ivyanditswe bijanye no kurekurwa wubahiriza ivyo wategetswe (bail).

Registry (aho umwanditsi akorera) ntibashobora kuguha impanuro zinjanye n’ amategeko canke kukubwira ico ukwiye gukora ku manza zawe ziri murukiko.