Skip to main content

Abasiguzi

Nimba udashobora gutahura neza Icongereza, ni nkenegwa cane ko ubwira Umucamanza ko Icongereza cawe kitari ciza kandi ko ukeneye umusiguzi. Nimba urubanza rwawe ari urubanza rw’ubugizibwanabi canke ihohoterwa rikorerwa mu rugo, Urukiko ruzokuronderera no kukwishurira umusiguzi. Ivyo ntibizoshika uwo musi. Uzogaruka uwundi musi kugirango ibi bitegekanywe.

Nimba urubanza rwawe ari urwabantu baregana kubera ibintu bapfa canke kurenga kumasezerano (rutari urubanza rw’ihohotera rikorerwa mu rugo), uzokenera kurondera no kwishura umusiguzi wenyine. Urukiko ntiruzoguha umusiguzi.

Igihe uhabwa umusiguzi, ningombwa gusobanukirwa ko bari aho gusa gusigura ururimi, ntabwo bari abo kuguha impanuro zijanye n’amategeko. Ningombwa kumva yuko abasiguzi barigenga kandi bagomba gukorera Urukiko batabogama (ivyo nukuvuga, ntibashigikire impande, bafata ibintu uko biri, kandi bakore akazi kabo gusa nk’umusiguzi). Abasiguzi bashobora kuba mu cumba c’urukiko, canke bashobora kuba bari kw’isimu.