Kwinjira mu Cumba c’Urukiko
Hazoba abandi bantu mu cumba c’urukiko. Icumba c’urukiko categekanijwe guha umwanya abacamanza, rubanda, abakozi b’urukiko, n’abandi bafise uruhare mu rukiko. Iy’ ipica yerekana ingene icumba c’urukiko gitegekanywa muri rusange:
Akenshi, Inkiko ziba zugururiwe rubanda. Ibi bisigura yuko umuntu wese wa muri rubanda ashobora kwinjira mu Rukiko igihe urubanza ruriko ruraburanishwa. Rimwe na rimwe Ukiko ruba rugaye, kugirango abantu bafise uruhara mu rubanza ruriko ruraburanishwa bemerewe kuba aho bonyine. Igihe Urukiko rugawe, ntabwo uzoshobora kwinjira icumba c’urukiko gushika igihe Urukiko ruzoba rwiteguye kumva urubanza rwawe.