Skip to main content

Ibikorwa Bifasha

Hejuru y’ubufasha mu vyamategeko n’abasemuzi, ushobora kuronka ubufasha buva kuzindi serivisi zifasha. Ibi bizoterwa n’ubwoko bw’urubanza rwawe mu rukiko n’ingene ivyawe bimeze.

Urukiko ruguha ibindi bikorwa bishobora kugufasha mu gihe c’iburanishwa. Urutonde rw’ibi bikorwa rushobora kuboneka kuri https://www.courts.qld.gov.au/services.

Kandi hariho izindi serivisi zitandukanye za leta n’ikibano zifasha. Nyinshi muri izi serivisi n’ubuntu.

Nimba uri mu mubano w’ihohoterwa rikorerwa mu rugo hariho ama serivisi menshi atandukanye  harimwo kuronka ubufasha kuja mu Rukiko, kuguhuza n’icumbi ry’ibihe bigoye n’ubufasha bwamahera. Hariho ubufasha nimba ukeneye guhagarika inyifato y’ihohotera. Urutonde ruzuye rw’ibikorwa bifasha rushobora kuboneka kuri https://www.courts.qld.gov.au/going-to-court/domestic-violence/support-services#.