Ibindi imyihererero
Inkiko akenshi zirafise ubwihererero kuri buri igorofa. Imyihererero iraboneka ku bantu bafise ubumuga. Hariho kandi ivyumba bimwebimwe bishobora gukoreshwa muri rusangi, nk’aho wotegurira urubanza rwawe. Nimba uwundi muntu ariko arakoresha kimwe muri ivyo vyumba, ico gihe ntushobora gukoresha ico cumba.
Nimba ufise ingorane zo kwumva, hoshobora kuba hariho ibikoresho vyo kugufasha kwumva ivyo bavuga, nk’ uruzitiro rwo kwumva (hearing loop). Nimba wiyumvira ko uzokenera uruzitiro rwo kwumva (hearing loop), ukwiye kubibwira abakozi bo mu biro vy’iyandikwa, boshobora kugutunganiriza ivyo. Ushobora kandi gukoresha igikoresho co kwumviriza co gutwara, nimba hariho igihari mu cumba c’urukiko. Ushobora kubaza abakozi bo mu rukiko ivyo.