Abacamanza
Nimba ufise umucamanza, bazokuvugira mu Rukiko. Nimba udafise umucamanza, kandi ushaka kugira umucamanza, ico gihe ukeneye kubwira Majistrat ibijanye n’ivyo. Akenshi, kumanza z’ubigizibwanabi n’izihohoterwa rikorerwa mu rugo hari umuntu hanze y’icumba c’urukiko witwa ‘duty lawyer’ (umucamanza uri kwizamu) userukira ishirahamwe ritwa Legal Aid Queensland. Urashobora kubegera, no mubihe bimwe na bimwe, bazoguserukira uwo musi, hakurikijwe ico urubanza rwawe rujanye naco. Bitabaye ivyo, barashobora kugufasha gutahura ibizoshika urya musi mu Rukiko.
Mugabo, ufise uburenganzira bwo kwiserukira no kwivugira mu Rukiko. Nimba arivyo ushaka gukora, ico gihe ukeneye kubwira Majistrat ibijanye n’ivyo. Nimba igihe runaka uhiduye ibitekerezo, urashobora gukoresha umucamanza igihe ico arico cose c’iburanishwa.