Amakuru Ajanye na Urukiko rwa Majistra (Magistartes Court)
Urukiko rwa Majistra (Magistartes Court) n’urwego rwa mbere rwa gahunda y’urukiko rwa Queensland.
Hariho Inkiko za Majistra (Magistrates Courts) ahantu 130 hatadukanye mu Ntara. Imanza nyinshi z’ubugizibwanabi n’izabaregana bapfa ibintu no kurenga kumasezerano zitangirira muri uru Rukiko mu buryo runaka.
Imanza ziburanishwa n’aba Magistrats, ari bo baca imanza, haba mu buryo bw’intango canke mu buryo bwa nyuma, bivanye n’ubwoko bw’urubanza. Nta gitigiri c’abantu bagize jury bari muri iyo Sentare.
Nimba udashaka kuja mu Rukiko mugabo ukeneye gutanga ivyanditswe kuri registry (aho umwanditsi akorera), turagusavye ukurikire ibimenyetso vya registry (aho umwanditsi akorera) gushikiriza ivyanditswe. Aho umwandisti akorera ni hafi ya aho binjirira hakuru mu nyubakwa y’urukiko.
Registry (aho umwanditsi akorera) kandi n’ahantu ushobora gusinyira ivyanditswe (akarorero ivyanditswe bituma udafungwa wubahiriza ivyowategetswe (bail)) no gufata amakopi ivyategetswe (orders) n’Urukiko. Hari amategeko ajanye n’ivyanditswe ushobora guhabwa kuri registry (aho umwanditsi akorera). Nimba udatahura ingene umwanditsi akora, umukozi wa registry (aho umwanditsi akorera) ashobora kugufasha.