Skip to main content

Kuza Mu Rukiko Nka Icabona

Niwaba uri mu Rukiko rw’Abacamanza nk’icabona, ukwiye kubimenyesha umuntu yagusavye kuza mu Rukiko canke mu biro vy’iyandikwa umaze gushika mu nzu y’urukiko. Ntushobora kwinjira mu cumba c’urukiko gushika habaye igihe cawe co gutanga ubuhamya. Ugomba kurindira umuntu wakubwiye ngo uze mu Rukiko ahure nawe, kandi azokujana ahantu uzarindirira.

Ntuwemererwe kuyaga ku rubanza n’ikindi cabona gishobora naco kuba kirindiriye.

Igihe cawe kigeze, umushingantahe canke umuntu yitwa umukozi w’ibikorwa vy’urukiko azoguhamagara kugira ngo utange ibimenyamenya.  Bazokokuyobora mw’ibogisi y’icabona, aho n’ahantu icabona kicara mu cumba c’urukiko. Uzosabwa kurahira canke kwemeza, iryo n’isezerano yuko ico uvuga mu cumba c’urukiko kizoba ukuri.

Ugomba kuvuga ukuri igihe uriko uratanga ubuhamya. Kutavuga ukuri mu Rukiko bishobora kuba ubugizibwanabi.