Nyuma yuko Urubanza Rwawe Rwahejeje Kuburanishwa
Ikizoshika nyuma yuko Majistrat aheza kumva urubanza rwawe kizoterwa n’ubwoko bw’urubanza n’icemezo Majistrat azoba yafashe. Akenshi Majistrat azosigura ikizokurikira, nka nimba uzokenera kugaruka kandi mu Rukiko na hazoba ryari, canke nayahe mafomu ushobora gukenera kuzuza.
Ukore ibishoboka wumvirize neza igihe cose ciburanishwa kandi witondere ivyo Majistrat avuga ugomba gukora ahakurikiye. Birafasha nimba ufise igitabo wandikamwo n’ikaramu kugirango ushobore kwandika ivyo Majistrat avuze.