Skip to main content

Inyuma yo Gusumwa n’Umutekano

Kumenya aho urubanza rwawe ruzoburanirwa:

Inkiko zimwe zimwe zirafise ikibaho c’amatangazo kigaragaza imanza ziriko ziraburanwa buri musi. Nimba waje kubera wewe, ico gihe rondera izina ryawe. Nimba waje kubera ishirahamwe ryawe, rondera izina ry’ishirahamwe ryawe. Urutonde ruzokurikira akenshi uko indome zikurikirana hakurikijwe izina ryawe nyamukuru ry’umuryango, canke izina ry’ishirahamwe. Iruhande rw’izina ryawe, uzobona inamba y’icumba c’urukiko ugomba kujamwo. Ningombwa kuza kugihe.

Nimba hatari ikibao c’amatangazo canke udashobora kubona izina ryawe, ico gihe urabaza umukozi akubwire aho urubanza rwawe rw’urukiko ruriko ruraburanirwa.

Ico gukora mbere yuko urubanza rwawe ruburanwa:

Numara kubona aho urubanza rwawe ruriko ruraburanirwa, urashobora kurindira hanze y’icumba c’urukiko, canke mwimbere. Hariho imanza nyinshi zitandukanye ziburanwa buri musi, zombi z’ubugizibwanabi n’izabareganye kubera ibibazo bapfa. Urashobora kurindira igihe runaka mbere yuko urubanza rwawe ruburanishwa.

Inkiko zimwe na zimwe ziba zifise ibikorwa vyinshi, kandi ningombwa ko wumviriza izina ryawe canke izina ry’ishirika ryawe igihe uri mu Rukiko canke mu nyubakwa y’urukiko. Mikoro irashobora gukoreshwa mu Rukiko canke inyubakwa y’urukiko. Nimba urindiriye hanze y’inyubakwa y’urukiko, ugomba kwirinda gukoresha ivyo bambara mu matwi kumva umuziki canke amakuru kwisimu kugirango ushobore kumva izina ryawe ririko rihamagarwa.

Nimba ukeneye umusiguzi yogufasha gutahura ico bariko baravugo mu rubanza rwawe, hariho ayandi makuru hano.

Nimba udafise umunyamategeko uguserukira mu rubanza rwawe kandi ukaba ushaka kuronka umwe, hariho ayandi makuru hano.